Uko wahagera

Amatati ya Manda za Nkurunziza Azodadanuka Gute?


Perezida w Uburundi Nkurunziza
Perezida w Uburundi Nkurunziza

Umushingwamanza aburanira Reta y’ Uburundi yatangaje kuri uno wa mbere ko yiteguriye kuburana no gutsinda urubanza rujanye n’ugusubira kwitoza kwa Perezida Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2015.

Ni inyuma yaho igisata c’iyungururizo ca sentare nkuru y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko giheruka gifatiye ingingo yo gusubira kwugurura urwo rubanza.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Me Kayobera yasiguye ko Uburundi butamenyeshejwe iyo ngingo ariko ko naho rwosubirwamwo Uburundi buzotsinda, budatsinze naho bizogorana ingene iyo sentare ishira mu ngiro ivy’urwo rubanza.

Urubanza rw’ibijanye na manda za Nkurunziza mu mwaka wa 2015 rwumvirijwe ku ncuro ya mbere na sentare y’intango y’umuryango wa Afurika y’ubuseruko mu kwezi kw'indwi mu 2015.

Ico gihe iyo sentare yavuze ko ata bubasha ifise bwo kuburanisha urubanza ruza rwarafatiwe ingingo n’ama sentare yo hagati mu gihugu nka sentare ijejwe kubahiriza Ibwirizwa Shingiro.

Inyuma yaho, amashirahamwe yigenga abicishije mu runani rwayo mu karere hamwe n’urunani rw’abashingwamanza muri Afurika baciye bungururiza muri sentare isubiramwo imanza mu karere k’Afurika y’ubuseruko.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'ijwi ry'amerika i Bujumbura Raymond Nzimana

Amatati ya Manda za Nkurunziza Azodadanuka Gute?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:11 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG