Uko wahagera

Amasyndicat yo mu Burundi avuga kw’Abakozi bitavye ari benshi, Igararizwa ry’Akazi Mu Ndwi Iheze


Abategetsi barongoye amashirahamwe y’abakozi bateye akamo gasaba kugarariza akazi, bavuga kw’iryo gararizwa ry’akazi, ryatanze ubutumwa butomoye, ko reta itarekuriwe kuguma iduza ibiciro vy’ibidandazwa.

Yamara abantu bihweza ibintu n’ibindi bavuga kw’inyishu z’ibibazo bijanye n’iduzwa ry’ibidandazwa, zizotorwa habanje kuba itohozwa nyakuri, ryerekeye imvo zituma ibiciro biguma biduga. Bavuga kandi ko reta y’Uburundi ikwiye kuganira n’amashirahamwe aharanira inyungu z’abakozi, kugira ngo ibibazo vyose bijanye n’ubukene buhanze abarundi, bitorerwe umuti, hatabanje gufatwa ingingo zishobora gutuma na wa mwimbu urondera, uhatakarira:

Reka dutege amatwi, Gabriel Rufyiri arongoye ishirahmwe Olucom hamwe na Jean Marie Kavumbagu, ari mu murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, mu kiganiro bahaye Frederic Nkundikije;

XS
SM
MD
LG