Uko wahagera

Amashirahamwe yo Kuziganya no Kuguranana muri Afrika


Amashirahamwe yo Kuziganya no Kuguranana muri Afrika
Amashirahamwe yo Kuziganya no Kuguranana muri Afrika

Amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana yo muri Afrika ari mu nama i Bujumbura. Ku wa kabiri igenekerezo rya 11, ukwezi kwa 10, umwaka w’I 2011, abakora mu mashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, bava mu bihugu mirongo ibiri na bibiri, vyo muri Afrika, yagize urunani bakoranira i Bujumbura ku mugwa mukuru w’Uburundi mu nama yo kurabira, hamwe igikorwa c’ayo mashirahamwe. Mu misi itatu iri imbere, abitavye ibikorwa vy’iyo nama, bagiye kuzohanahana ivyiyumviro, baronswe n’inyigisho zizobafasha kurangura neza igikorwa bajejwe.

Iyo nama y’urwo runani, igize iya cumi itunganijwe ku civugo: “ingorane z’imibano n’ubutunzi, inyishu y’abahinga mu vyerekeye amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana muri Afrika.” Ousman Thiongane, arongoye urunani, yabwiye Ijwi rya Amerika ko urwo runani ruhuza amashirahamwe igihumbi n’ijana na cumi n’umunani, ngo rukaba rufasha abantu barenga imiriyoni cumi n’umunani.

Ousman Thiongane, avuga ko ubukene bw’akazi, imfungurwa zikwiye, ingorane z’ubutunzi mu makungu no muri Afrika n’ibiciro vy’ibiribwa biguma biduga, arivyo bitegeka amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, guhindura ingendo kugira ngo abandanye akora neza, afasha abanyagihugu. Ingurane zigatangwa vyoroshe, abazironka nabo bagakurikiranwa mu kuronswa inyigisho zibafasha kugira ngo nti bahombe, n’amashirahamwe ntahombe.

Pontien Bikebako, atwara urunani rw’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana, arashima kubona iyo nama yabereye i Bujumbura. Avuga ko amashirahamwe arongoye azohungukira cane, agahindura uburyo bwo gukora yisunga ingorane zibangamiye ubutunzi kw’isi n’abanyagihugu bo mu Burundi.

Abanyagihugu baganiriye n’Ijwi rya Amerika ku buryo bwo kuronka ingurane, bavuga ko bitoroshe, kuko kugira ngo uronke ingurane, utegerezwa kuziganya, ivyo navyo nti bishoboke, kubera ubukene n’imishahara mito y’abakozi. Guhimiriza Abarundi ngo bijukire amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana birabangamirwa na kahise k’ayo mashirahamwe. Mu myaka iheze amashirahamwe yaravutse, amaze kuroka amafaranga, agaca yugara, atwaye amafaranga y’abanywanyi. N’ubu imanza mu butungane nti zirahera. Pontien Bikebako aremeza ko hariho amashirahamwe yuguruye adakurikije amategeko, agasaba Ibanki Nkuru y’igihugu gukurikirana ico kibazo.

XS
SM
MD
LG