Uko wahagera

Amasenge y’Inzovu Yaronswe mu Buryo Butarekuriwe n’Amategeko Yaraturiwe Muri Kenya

  • VOA

Iturigwa ry'Amasenge y'Inzovu Aterekuriwe n'Amategeko muri Kenya

Iturigwa ry'Amasenge y'Inzovu Aterekuriwe n'Amategeko muri Kenya

Prezida Mwai Kibaki yaturiye amasenge y’inzovu afise agaciro k’imilioni cumin a zitandatu z’ama dolari.

Prezida w’igihugu ca Kenya, Mwai Kibaki yaraturiye amasenga y’inzovu arenga itoni zitanu kugira yerekane ikibazo c’uguhiga inyamaswa mu buryo butarekuriwe n’amategeko mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko.

Prezida Mwai Kibaki yaturiye ayo masenge y’inzovu afise agaciro k’imilioni cumin a zitandatu z’ama dolari.

Prezida Kibaki yatangaje ko iturigwa ry’ayo masenge y’inzovu vyerekana ukwiyemeza kw’igihugu ca Kenya ku vyerekeye kurandurana n’imizi uburyo bwose bw’ugucuruza amasenge y’inzovu mu buryo budaciye mu mategeko.

Yavuze ko kugurisha ayo masenge inyuma yuko yatswe abayaronse mu buryo butarekuriwe n’amategeko ah’ukuyaturira vyogeramira igikogwa c’ukurandurana n’imizi ikibazo c’uguhiga inyamaswa mu buryo butarekuriwe n’amategeko.

Ayo masenge y’inzovu yaturiwe yari yafashwe n’abategetsi muri Sengapour mu mwaka w’2002.

Kenya yaturiye ubwa mbere amasenge y’inzovu mu mwaka w’1989, kugire itume abantu bamenya ikibazo c’uguhiga inyamaswa mu buryo butarekuriwe n’amategeko mu vyatumye igitigiri c’inzovu zo muri Afrika kigabanuka bikomeye.

XS
SM
MD
LG