Uko wahagera

Bujumbura: Amasasu Yumvikanye ku Musaga


Abantu umunani bose bagizwe n’abasore barahagaritswe n’abapolisi ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere muri zone ya Musaga. Ivyo vyabaye igihe abapolisi bari bagiye gufata umwe mu bikekwa ko ari mu bahungabanya umutekano akoresheje ibigwanisho. Mur’ico gihe harumvikanye amasasu menshi. Ayo masasu yumvikanye hagati y’isaha 11 na 12 z’umuhingamo kur’uyu wa mbere kw’ibarabara rya kabiri muri zone ya Musaga ; turi muri komine Muha mu gisagara ca Bujumbura

Uwurongoye zone Musaga Antoine Rumenyetso yabwiye ijwi ry’Amerika ko abajejwe umutekano bari bagiye gufata uwuzwi kw’izina rya Adamon ari ku rutonde rw’abaronderwa bagirizwa guhungabanya umutekano muri zone Musaga. Mu bantu umunani bafatiwe aho ku Musaga ; harimwo umusore yari yaje kuramutsa incuti avuye mu ntara ya Mwaro azwi kw’izina rya Niyonkuru Louis.

Abanya musaga bavuga ko baruhishijwe n’ingene zone yabo iguma ari ikirimbiro ry’abitwaje ibigwanisho. Uno mutama w’imyaka irenga 60 asaba abitwaje ibigwanisho kubaha amahoro. Muri zone ya Musaga niho hagize imisi hari ibiturika mu gihe mu mazone ya Bwiza muri karitsiye ya Jabe , Nyakabiga, Ngagara, Mutakura Cibitoke ahaba abatemera ikiringo ca gatatu ca Perezida Nkurunziza hari agahengwe.

Antoine Rumenyetso arongoye zone Musaga amenyesha kandi ko bene abantu bahagaritswe borema kuko uwutaco azagira azorekurwa. Uwo arongoye zone Musaga asaba ababa ku mabarabara ya mbere na kabiri aho mu gasekebuye gutanga inkuru kare babonye ico cose coza gihungabanya umutekano .

Umumenyshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Evariste Nzikobanyanka ni we yakurikiranye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:51 0:00

XS
SM
MD
LG