Uko wahagera

Umunyamerika Yishwe muri Israyeli


Umukerarugendo yamuka muri reta Zunze Ubumwe z’Amerika yarishwe abandi bantu bashika 12 barakomereka bacumiswe imbugika n’umunye Palestina kuwa kabiri muri Israyeli.

Ivyo vyabaye mugihe visi Perezida w'Amerika Joe Biden ari m’urugendo muri Isirayeli. Uwo munyamerika yishwe mugihe Biden yariko agiranira ibiganiro n’abategetsi ba Isirayeli ku bilometero bike cane y’aho iryo bara ryagwiriye.

Abar’aho vyabereye bamenyesha ko uwo munyepalestina yirutse yerekeza ku kivuko c’ahitwa Jaffa, hahurumbirwa n’abakerarugendo, buno nyene aca atangura gucumita abantu imbere yuko igipolisi kimurasa.

Nta makuru yerekeye ibiranga uwo muny’Amerika yapfuye aratangwa. Nawo uwo mwicanyi avugwa ko yamuka mu ntara ya Cisjordaniya.

Perezida Barack Obama yamenyesheje ko ata masezerano y’amahoro bwite yiteze kuba hagati ya Isirayeli na Palestina imbere yuko ashikiriza amabanga mu kwezi kwa mbere k’umwaka uza.

XS
SM
MD
LG