Uko wahagera

Uganda: Amerika Isaba Museveni Demokarasi


Muri Uganda si shyashya nyuma y'amatora

Muri Uganda si shyashya nyuma y'amatora

Umukandida akomeye mu batavugarumwe na Perezida Museveni wa Uganda Kizza Besigye yarongeye guhagarikwa n’igipolisi c’Ubuganda.Yahagaritswe ejo kuwa gatanu, bukaba bugize kabiri ahagarikwa mu misi ibiri nyene.

Ababibonye bavuga ko Igipolisi cahagaritse Besigye hamwe n’abandi banywanyi bari kw’isonga ry’umugambwe wiwe FDC, igihe bari kubiro bikuru vy’umugambwe wabo I Kampala. Igipolisi ca Uganda kimwagiriza ko yagira atangaze ivyavuye mu matora aciye kubiri n’ibwirizwa rigenga amatora.

Sekreteri wa reta wa Reta zunze ubumwe z'Amerika John Kerry yarashikirije amakenga afise kur’iryo hagarikwa rya Besigye, aca asaba Perezida Yoweli Museveni kubuza inzego z’umutekano ivyo bikorwa. Kerry yavuganye na Museveni kuri telephone ejo kuwa gatanu aho yashikirije ko iyo nyifato y’igipolisi ituma haba amakenga ko vyukuri Ubuganda buriko butunganya amatora yizigiwe na bose kandi atarangwa n’iterabwoba.

Ibiharuro mfatakibanza vyasohowe ejo kuwa gatanu n’umugwi utegura amatora vyerekana ko Museveni aza imbere ku majwi 63% mugihe Besigye afise amajwi 33%.

XS
SM
MD
LG