Uko wahagera

Umubare w'Impunzi Wiyongeye kw'Isi muri 2015


Amashirahamwe abiri akurikirana ivy’impunzi n’abimukira kw’isi amenyesha ko ibitigiri vy’abantu bahunga intambara n’ubwicanyi vyiyongereye uyu mwaka.

Ishirahamwe ryitaho ibijanye n’impunzi hamwe n’abimukira ryamenyesheje ejo ku musi wa kabiri ko gushika kw’italiki ya 22 z’uku kwezi kwa kabiri abantu barenga ibihumbi ijana na bibiri n’amajana atanu aribo binjiye mu Bugiriki baciye mw’ibahari mediterane.

Abarenga ibihumbi indwi n’amajana atanu nabo binjiye mu Butaliyano. Abashika amajana ane na cumi nibo bamaze gusiga ubuzima mur’uko guhunga mur’uyu mwaka wa 2016. Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku mpunzi kw’isi HCR rimenyesha ko muvyigwa ryagize ryasanze igitigiri kinini c’impunzi ziriko zisaba ubuhungiro kigizwe n’abanye Siriya, hagakurikira abo muri Afganistani hamwe n’abo muri Iraki.

Abantu barenga umuliyoni b’impunzi n’abimukira bahunga intambara n’ubukene muri Siriya n’ahandi, bahunze mu mwaka wa 2015 uheze. Benshi muri bo baciye muri Turukiya imbere yo gushika mu bugiriki.

XS
SM
MD
LG