Uko wahagera

Cadi: Deby Aziyamamaza ku Nshuro ya Gatanu


Perezida Idriss Deby wa Cadi amenyesha ko azokwitoreza kurongora igihugu mu kiringo kigira gatanu mu matora ategekanijwe mukwezi kwa kane.Ivyo yabimenyesheje ihuriro ry’imigambwe yo mur’ico gihugu ejo kuwa kabiri kandi asezerana ko mugihe yotsinda azoca asubizaho ibiringo umukuru w’igihugu azomara ku butegetsi.

Perezida Deby yafashe ubutegetsi ku nguvu mu mwaka w’1990.
Ibijanye ko kwubahiriza ibiringo vyahagaritswe mu mwaka w’2005 igihe igihugu cinjira mu ntambara y’igisivile hagati y’aba Isilamu n’abakirisitu. Amenyesha kandi ko mugihe ibiringo vyiwe vyarangira mu mwaka w’2005, igihugu cari kigeramiwe.

Igihugu ca Cadi caragize uruhara rukomeye mu bihugu vyo mu burengero bwa Afurika mu kurwanya umugwi w’iterabwoba wa Boko Haram mu gihugu kibanyi ca Nijeriya

XS
SM
MD
LG