Uko wahagera

Burundi: Kapiteni Mugabonuwundi Yiciwe mu Kamenge


Kapiteni Elie Mugabonuwundi yiciwe muri karitsiye ya mirango ya kabiri, zone Kamenge, komine ya Ntahangwa mu buraruko bwa Bujumbura. Ababibonye bemeje ko byari nk’igihe c’isaha zine n’igice z’ijoro.

Abamwishe bamurashe amasasu atatu mu mutwe nk’uko vyemezwa n’icegera c’umuvugizi w’igipolisi Moise Nkurunziza. Ababibonye bavuga abamwishe bari abagabo batatu bitwaje inkoho zo mu bwoko bwa pistolet. Bashitse ku rugo i we baramurindira maze bamwica avuye guherekeza abantu bari bateramiye mu muryango wiwe.

Moise Nkurunziza ,icegera c’umuvugizi w’igipolisi yemeza ko ata muntu n’umwe yahagaritswe ku mvo z’amatohoza gushikubu kubera bene kwica uwo musirikare baciye bahunga mu mushuhira abantu bagihundagaye kubera ayo ma grenades.

Mu kiringo hafi c’indwi zitatu, iyi ntwazangabo igize iya gatatu yiciwe ku mugwa mukuru Bujumbura. Yugurura umwaka w’ishure w’i2015 ushira 2016 mw’ishure ry’intwazangabo ISCAM,umukuru w’igihugu yasavye abasirikare bosekwirinda amacakubiri ukwasa kose. Kapiteni Mugabonuwundi yarasanzwe ari umuganga akorera ku bitaro bikuru vy’abasirikare vyo mu Kamenge. Igipolisi kimenyesha ko icatumye yicwa gushikubu kitaramenyekana. Mugabo kirizeza ko amatohoza yatanguye kandi ko abakoze ubwo bwicanyi bitebe bitebuke bazofatwa bagatabwa muri yompi.

Kuva mu kwezi k’umunani uwamka uheze hishwe Liyetona Jenerali Adolphe Nshimirimana yigeze gutwara iperereza ry’Uburundi, capitaine Elie Mugabonuwundi abaye intwazangabo igira gatandatu yiciwe ku mugwa mukuru Bujumbura. I ruhande yabo hari kandi n’umukukuruke mu gisirikare c’Uburundi Koloneli Jean Bikomagu yahoze arongoye ibiro bikuru vya gisirikare nawenyene yishwe arashwe.

XS
SM
MD
LG