Uko wahagera

Musenyeri mukuru ahagarariye ishengero Anglicane kw’isi yarangije urugendo rw’imisi itatu mu Burundi. Musenyeri Justin Welby yatangaje ko ico yabonye mu rugendo rwiwe ar’uko ibintu bitifashe neza mu Burundi.

Inyuma y’imisi itatu yar’amaze mu Burundi, Musenyeri Welbyi amenyesha ko yishikiye mu ma karitiye amw’amwe nka Ngagara, Cibitoke na Mutakura yo mu gisagara ya Bujumbura kwirabira ingene vyifashe. Aho ngo yasanze ibintu bitifashe neza, aboneraho gusaba abarundi gusubiza hamwe.

Musenyeri ahagariye ishengero Anglicane kw’isi asanga ibiganiro bidakumira arivyo vyonyene vyotuma amahoro agaruka mu gihugu. Musenyeri Welby avuga ko abagwanya Leta, abakenyezi n’urwaruka batohara mur’ivyo biganiro. Na cane cane akamenyesha ko azosaba ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubwongereza yari yarahagaze yonagurwa. Ariko Musenyeri Welby asaba abarundi gusubiza hamwe

Mu rugendo rw’imisi itatu, umuyobozi w'ishengero Anglicane kw'isi yarabonanye n’inzegoz’igihugu zitandukanye harimwo n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza bavugana ku bijanyena wa mugambi w’igihugu wo kumenya ukuri ku vyabaye mu Burundi muri kahise no kunywanisha abarundi.

XS
SM
MD
LG