Uko wahagera

Amakungu Yariyamiije Coup d’Etat mu Gihugu ca Mali


Abasirikare Bafashe Ubutegetsi muri Mali
Abasirikare Bafashe Ubutegetsi muri Mali

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko ziriyumvira guhagarika infashanyo atari iy’ugufasha abanyagihugu yari igenewe Mali

Urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi rwariyamirije abasirikare bagumutse mu gihugu ca Mali kuba bafashe ubutegetsi bakoresheje inguvu.

Mw’itangazo ejo ku musi wa kane, urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe umutekano kw’isi rwasavye abasirikare bagumutse kubonako umutekano wa prezida Amadou Toumani Toure wubahirijwe kandi bagasubira mu makambi yabo.

Urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi rwasavye kandi irekurwa ry’abategetsi b’igihugu ca Mali n’ukugarukana badatevye intwaro ifatiye kw’ibwirizwa nshingiro mu gihugu ca Mali.

Reta zunze Ubumwe za Amerika ziriko ziriyumvira guhagarika infashanyo atari iy’ugufasha abanyagihugu yari igenewe igihugu ca Mali inyuma y’ibisa n’uko abasirikare bagumutse batembagaje prezida, Amadou Toumani Toure.

Departement ya Reta ya Amerika, yatangaje kw’ibiro vya Reta ya Amerika bitanga infashanyo bizohura ku musi wa kane kugira biganire ku vyerekeye kazoza k’amafranga agera ku milioni ijana na mirongo ine z’ama dolari yari agenewe infashanyo mu bijanye n’ubutunzi, umutekano n’ukugwanya iterabwoba mu gihugu ca Mali. Yamara nta nkurikizi zizoba ku nfashanyo igenewe abanyagihugu muri Mali.

Umuvugizi wa Departement ya Reta ya Amerika, Victoria Nuland yavuze ko Reta zunze Ubumwe za Amerika ziri ku ruhande rwa Reta yemewe yavuye mu matora ya prezida Amadou Toumani Toure.

Ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya riza ryariyamirije ifatwa ry’ubutegetsi ryagizwe n’abasirikare bagumutse mu gihugu ca Mali, mu gihe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon yasavye abagize uruhara muri iryo fatwa ry’ubutegetsi kwirinda gufata ingingo zishobora kwongereza ubwicanyi n’uguhungabanya kurushiriza igihugu.

XS
SM
MD
LG