Uko wahagera

Amakungu Abandanya kuremera Siriya n'Abayifasha


Inama Nkunru y'Umutekano ya ONU
Inama Nkunru y'Umutekano ya ONU

Amakungu arabandanya kuremera Reta ya Siriya n’Ibihugu bisanzwe biyifasha kugira bahagarike intambara iri mu buraruko bw’igisagara ca Alepo bongere kandi bareke abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza hamwe n’abanyagihugu kugira bave mur’ico gisagara.

Igihugu ca Canada gishigikiwe n’ibindi bihugu bishika kuri 70, vyahuriye mu nama itari itegekanijwe kugira bige ikibazo ca Siriya. Ivyo bihugu vyasavye ONU gukoresha uburyo butamenyerewe kugira itumeko inama yihuta, mu gihe biba biboneka ko Inama nkuru y’umutekano yananiwe no kugarukana amahoro n’umutekano mu makungu.

Ni mugihe Inama nkuru y’umutekano ya ONU itumvikana ku kibazo kijanye n’intambara imaze imyaka irenga 5 muri Siriya. Kw’itariki y’8 mur’uku kwezi kw’10, Igihugu c’Uburusiya kikaba carahakanye ku ncuro igira gatanu ingingo y’Ibihugu vya buraya ku bijanye no guhagarika intambara muri Siriya.

Mu gihe Inama nkuru y’umutekano yananiwe kwumvikana ku ngingo, inama ya bose irashobora gukorana igizwe n’ibihugu bishika kw’193, kugira yige kur’ivyo bibazo vy’amahoro n’umutekano.

XS
SM
MD
LG