Umuhinga muvy’utugenene Ai Wei Wei, aturuka mu gihugu c’Ubushinwa, asaba ibihugu vya Buraya kubandanya biremera Ubushinwa ku bijanye n’uguhohotera agateka ka zina muntu kuri mur’ico gihugu. Ivyo Ai yabishikirije mur’iyi ndwi, mu nama ya ONU isanzwe iriko yiga ku bijanye n’imigenderanire n’amakungu.
Mu mwaka w’2011, Ai Wei Wei yaratawe mu mvuto mu kiringo c’amezi hafi atatu, ahowe gushikiriza ivyiyumviro vyiwe. Ai, amenyesha ko mu gihugu c’Ubushinwa, abashikirizamanza nabo nyene batabwa mu mvuto bahowe ibirego vy’abo baba baburanira.
Ai amenyesha ko ubutegetsi bwa Xi Jimping, Prezida w’Ubushinwa atari bwo bwonyene bwegwa n’ico kibazo, yamara ko Prezida Jimping agendera k’urutonde gw’aba kominista kandi ko atabikoze vyomuhitanira ubuzima.
Mur’iyo nama ya ONU, Ai Wei Wei yagarutse ku ntambara ya Siriya, aho avuga ko atogereranya ibiri muri Siriya n’ibiri mu Bushinwa.