Uko wahagera

Inama Yihweza Amasezerano Hagati y’Amashure Kaminuza yo mu Biyaga Binini


Abayobozi b’amashure kaminuza yo mu biyaga binini bakoraniye i Bujumubura mu Burundi, mu nama yo kwumvikana ku mategeko ngenderwako rusangi azogenga amashure kaminuza y’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe CEPGL

Abayobozi b’amashure kaminuza yo mu biyaga binini bakoraniye mu nama i Bujumubura mu Burundi. Intumbero y’iyo nama ishimikiye ku bintu bitandukanye, ariko ibikuru bikuru ngo n’ukwumvikana ku mategeko ngenderwako rusangi azogenga amashure kaminuza yo mu bihugu bihurikiye mw’ishirahamwe CEPGL. Ayo masezerano agerageza gutorera umuti ingorane zijanye n’ubukene bw’abigisha, n’inyigisho nziza. Muri ayo mashure abigisha ngo ni bake, bariko barasaza, ngo kandi ntawubone iyo abazobasubirira bazova.

Iyo nama yateguwe kandi mu mugambi wo kwumvikana ku mpapuro z’umutsindo zizoba zinganya agaciro kandi zemewe n’ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe CEPGL. Umugambi wo gushinga ishirahamwe ry’amashure kaminuza yo mu biyaga binini, ngo uzoha abanyeshure bo,mu Rwanda, Uburundi, na Republika ya Congo Iharanira Demokarasi, uburenganzira bwo kwiga aho bashaka, kuko inyigisho zizoba ari zimwe. Bikazotuma n’abarongoye ayo mashure bamenyana.

Umumenyeshamakuru Leon Masengo yaraganiriye n’umukuru w’ishure kaminuza y’Uburundi, akaba ari nawe arongoye iyo nama y’abayobozi b’amashure kaminuza yo mu biyaga binini, hamwe n’umuyobozi w’ishure kaminuza ry’idini Katolika riri i Kabgayi mu Rwanda, bamushikirije ivyiyumviro vyabo kuri iyo nama.

XS
SM
MD
LG