Uko wahagera

Abatavuga Rumwe na Reta ya Congo Bariyamirije Ivya Mbere Vyavuye mu Matora

  • VOA

Etienne Tshisekedi, Umunyepolitike Akomeye Atavuga rumwe na Reta ya Congo

Etienne Tshisekedi, Umunyepolitike Akomeye Atavuga rumwe na Reta ya Congo

Etienne Tshisekedi ayoboye umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta avugwa ko yaronse hafi y’ibice 34 kw’ijana vy’amajwi gushika ubu

Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta ya Republika iharanira Demokrasi ya Congo, wa Etienne Tshisekedi watangaje ko wiyamirije ivya mbere bivuye mu matora biha prezida Joseph Kabila ibice mirongo itanu kw’ijana vy’amajwi.

Etienne Tshisekedi ayoboye umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta, avugwa ko yaronse hafi y’ibice 34 kw’ijana vy’amajwi gushika ubu.

Mu kwerekana ubumwe, imigambwe cumi itavuga rumwe na Reta, ejo ku musi wa gatandatu, yagirije iri hamwe Kabila ko ayatumye amatora atagenda neza, bakaba bamusavye kuva ku butegetsi.

Abatavuga rumwe na Reta basavye abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika kugira ico bakoze kugira ibintu ntibibe nko muri Kenya, Zimbabwe canke Cote d’Ivoire, ibihugu aho abategetsi baho bakoresheje igisirikare kugira bagume ku butegetsi, inyuma yuko batsinzwe mu matora..

Urwego rujejwe amatora rwatangaje ko ruzosohora ivya mbere bizoba vyavuye mu matora kw’italiki zitandatu z’uku kwezi kw’icumi ka kabiri, igihe ikiringo ca prezida Kabila kizoba kirangiye.

XS
SM
MD
LG