Uko wahagera

Abasirikare Baragumutse mu Gihugu ca Mali


Umugumuko w'Abasirikare mu Gihugu ca Mali
Umugumuko w'Abasirikare mu Gihugu ca Mali

Radiyo na Televiziyo vya Reta vyarahagaritse gushikiriza ibiganiro inyuma yuko abasirikare binjiye mu nyubabwa ivyo biganiro

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, Ban Ki-moon yatangaje ariko arakwirikirana uruhagarara mu gihugu ca Mali n’amakenga akomeye inyuma yuko abasirikare bagumutse bavuzweko barashe hanze y’inyubakwa ya presidance.

Ambassade ya Amerika ku murwa mukuru wa Mali, Bamako, yatangaje kw’iriko ikwirikiranira hafi ukugene ibintu vyifashe. Ambassade ya Amerika yahanuye Abanyamerika kuguma mu mazu yabo.

Amakuru ava mu gihugu ca Mali yatangaje ko umwuka mubi wiyongeye ejo ku musi wa gatatu inyuma yuko inteko ziyamirije ukugene Reta ya Mali iriko ivyifatamwo ku bijanye n’umugumuko w’aba Tuaregs.

Radiyo na Televiziyo vya Reta vyarahagaritse gushikiriza ibiganiro inyuma yuko abasirikare binjiye mu nyubabwa ivyo biganiro vyashikirizwamwo. Abasirikare bariko basaba kuronswa ibigwanisho bikenewe kugira bashobore kugwanya abagwanya ubutegetsi bo mu bwoko bw’aba Tuaregs bafashe ibisagara bitari bike mu ntara y’ubugaragwa iri kure mu buraruko bw’igihugu ca Mali.

Uruhagarara rwatanguye mw’ikambi ya gisirikare yitwa Kati mu gice kiri ku nkengera z’umurwa mukuru w’igihugu ca Mali, Bamako. Abasirikare bararashe mu kirere inyuma yuko inama n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi bisa n’ibitagenze neza. Abasirikare babiri canke barenga barakomeretse muri iyo myiyerekano.

XS
SM
MD
LG