Uko wahagera

Somaliya: Abasirikare Baguye mu Mutego wa Reta ya Kisilamu


Abasirikare ba Reta ya Somaliya, ahajeje kubera igitero c'abiyahuzi

Igisirikare ca Somaliya kiri mu karere ka Puntland, catangaje ko kur’uyu wa gatandatu, ko catanye mu mitwe n’abagwanyi ba Reta ya Kisilamu, mu burengero bw’igisagara ca Qandala, inyuma y’aho igisirikare ca Reta ya Somaliya kiguye mu mitego ya mine mur’ako karere.

Nk’uko vyemezwa n’uwurongoye akarere ka Puntland, Yusuf Mohamed Dhedo, abo basirikare barashwe bariko barategura imitego ya mines. Ico gitero cahitanye abagwanyi ba Reta ya Kisilamu bashika kur’indwi, congera gikomeretsa abasirikare batatu.

Ico gitero kibaye mu gihe abagwanyi ba Reta ya Kisilamubari bateye igisagara ca Qandaka, itariki ya mirongo ibiri n'umunani z’ukwezi kw'icumi, aho bigaruriye ico gisagara batarinze kugwana, bongera bahashinga n’ibendera ryabo.

Yusuf Mohamed Dhedo, arongoye akarere ka Puntland amenyesha ko umugambi bafise ar’uwo gutuza abagwanyi ba Reta ya Kisilamu mur’ico gisagara. Yamara Dehdo avuga ko batazi igitigiri c’abo bagwanyi uko bangana, ariko ko bafise ibigwanisho bikomeye. Dehdo akavuga ko igisirikare ca Reta kibandanya gukurikirana abo bagwanyi aho baba bari mu myimenyerezo yabo.

XS
SM
MD
LG