Uko wahagera

Abashikiranganji bo mubihugu vyo muri Afrika, bipfuza uruhara rwa reta mw'iterambere


Abashikiranganji bo mubihugu vyo muri Afrika, bipfuza uruhara rwa reta mw'iterambere
Abashikiranganji bo mubihugu vyo muri Afrika, bipfuza uruhara rwa reta mw'iterambere

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopia avuga kw’intara ya Afrika ikeneye imigambi mishasha y’iterambere, yotuma ibikorwa vyahora birangurwa n’amasosiyete yigenga, birangurwa na reta

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopia avuga kw’intara ya Afrika ikeneye imigambi mishasha y’iterambere, yotuma ibikorwa vyahora birangurwa n’amasosiyete yigenga, birangurwa na reta:

Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura iyo nama, umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopia, Meles Zenawi, yavuze kw’imyaka n’imyaka, ibihugu vyo muri Afrika vyamaze bigerageza uburyo bwo kwisununura mu vyerekeye ubutunzi bwaranzwe n’ibihugu vyabikoloje, bwananiwe kuzana umutungo n’iterambere muri Afrika.

Yavuze kw’ubwo buryo n’iyo migambi yageragejwe kuva kera, vyatumye haba ubudasa bunini mu vyerekeye imishahara, yongera aratera akamo intara ya Afrika, kayisaba kwiyamiriza imigambi y’ibihugu vyo mu burengero y’iterambere, ishira imbere, imitahe y’amasosiye yigenga.

Ati imigambi imaze imyaka irenga 30, ivyo bihugu vyo burengero vyashize imbere yo kwankiriza ibikorwa vya reta, ntiyashoboye guhindura ubutunzi, kandi ntiyashoboye kwongereza umwimbu. Ati, iyo migambi yarananiwe, kubera ahanini yagumye irondera gusubiza inyuma intara ya Afrika.

Umushingantahe Meles, yavuze kw’igihe cageze, kw’amashirahamwe ya reta agira uruhara rwa mbere mu gutunganya uburyo buzotuma ibihugu vya Afrika bitera imbere.

Mw’ijambo yashikirije ari mur’iyo nama nyene, Donald Kaberuka, arongoye ibanki ya Afrika ijejwe iterambere, yaragabishije abashikiranganji bari mur’iyo nama, abasaba gushira imbere ivyipfuzo vy’abanyagihugu bose. Yavuze kw’ibintu biriko biraba mu bihugu vyo muri Afrika yo mu buraruko, vyibutsa mu buryo bwihutirwa ko bihambaye gushira imbere ibibazo bijanye n’iterambere rya bose; kugwiza ubuzi, hamwe n’ibindi vyose bishobora kugirira akamaro abakiri bato:

Ati turazi twese kw’iterambere mu vyerekeye ubutunzi rikumira bamwe, nk’uko vyibonekeje mu bihugu vyo muri Afrika yo mu buraruko, atar’iterambere rishobora kurama, kandi iterambere nk’iryo, riteba rigatuma abanyagihugu bagira agashavu, bagahava bigumura.

Umushingantahe Kaberuka yavuze kw’ibiharuro vyerekeye ubutunzi muri Afrika, vyashikijwe mbere vyerekana umwimbu, biriko biragabanywa, kuko ubutunzi bwo mur’iyo ntara, bugihanzwe n’ingaruka mbi z’imyiyerekano imaze imisi. Yamara ngo ibanki arongoye, iriteguriye gutanga imitahe, izofasha mu kuzamura ubutunzi, muri Tunisia hamwe no mu Misiri.

Umushingantahe Kaberuka yabwiye abo bashikiranganji kw’abakiri bato bo muri Afrika, bashikirije ivyipfuzo vyabo.

Abashikirije amajambo mur’iyo nama, bavuze kw’igitigiri umurengera c’abanyagihugu biyongeye muri Afrika, cerekakana kw’intara ya Afrika iriko igwiramwo abakiri bato.

XS
SM
MD
LG