Uko wahagera

Burundi: Abadakora n'Abanyeshure Basabwa Guterera Amatora


Abanyagihugu batonze baringiriye gutora mu matora ya referendum i Ngozi, itariki 17/05/2018
Abanyagihugu batonze baringiriye gutora mu matora ya referendum i Ngozi, itariki 17/05/2018

Kuri uyu wa kane hatangujwe icese ku rwego rw'igihugu igikorwa co gutoza intererano y’amatora yo mu 2020 mu banyagihugu badakora no mu banyeshure bakwije imyaka yo gutora mu Gatumba Komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura.

Urugo rumwe rutanga amafaranga 2000 ku mwaka mu gihe umunyeshure nawe atanga 1000 ku mwaka.

Bamwe mu baburamatari barongoye intara bafise amakenga ko hashobora kuba ubusuma mw'itozwa ry’ayo mafaranga bivuye kubohimba impapuro zihabwa abatanze iyo ntererano. Ikindi kibazo cagarutse ni uko hari abamaze gutangishwa iyo ntererano kuko ari abakozi ba Reta.

Inkuru iramvuye tuyishikirizwa n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura mu Burundi, Raymond Nzimana.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:38 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG