Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko: Abarongozi barabandanya Guhunga


Abarongozi mu gisirikare ca Sudani y'Ubumanuko

Abarongozi mu gisirikare ca Sudani y'Ubumanuko

Muri Sudani y’Ubumanuko, Umuyobozi w’akarere ka Yei River ari kumwe n’abandi barongozi mu ntwaro baravuye mu mabanga yabo binjira mu mugwi uyoboka Riek Machar, yahoze ar’icegera ca mbere c’umukuru w’Igihugu. Iri rigira kabiri mur’iyi minsi hibonekeza abategetsi bava mu ntwaro bakinjira mur’uwo mugwi.

Lodu Onseimo, Umushikiranganji ajejwe kumenyekanisha amakuru aremeza iyo nkuru. Akavuga ko iyo nyifato itabereye. Lodu avuga kandi ko ivyo at’ariy’abanyagihugu bose babikora.

Ivyegeranyo bitari bike bivuga ko mur’ayo mezi atandatu aheze, ico gisagara ca Yei River cibonekejemwo ubusuma bukogwa n’abantu bitwaje ibigwanisho. Ivyo vyatumye abanyagihugu ibihumbi bata izabo, bagahungira mu bihugu bibanyi vya Uganda na Republika Iharanira Demokarasi ya Congo.

Lodu Onseimo yahamagariye imigwi y’abagwanyi iri mur’ako karere gushira hasi ibigwanishisho, bakinjira mu gisirikare ca Reta.

Ni mu gihe Prezida Salva Kiir, yari yatangaje mu ndwi iheze ko agiye kwihagurukira we nyene akagwanya iyo migwi iriko irakorera mur’ako karere, ari hamwe ibandanije guhungabanya umutekano.

XS
SM
MD
LG