Uko wahagera

Abanyeshure b’ Abanyamerika muri Kenya

  • VOA News

Umugwi w’ abanyeshure baciga n’ abahejeje mw’ ishure kaminuza rya Berklee muri department y’ umuzika, ishure riri I Boston mu ntara ya Massachussetts muri Amerika, baheruka gutahuka muri Amerika inyuma y’ indwi zitatu bari bamaze muri Kenya. Bari bagiye muri Kenya mu mugambi wo guhindura ubuzima bw’ abantu biciye mu muzika. Abo banyeshure bari muri Kenya barigishije umuzika, bararirimbiye abantu baranaha ivyuma vy’ umuzika ikigo co muri Kenya aho abakiri bato baja kwigira umuzika. Abo banyeshure b’ abanyamerika baranize ibijanye n’ umuzika n’ indirimbo ndangamuco vyo muri Kenya.

XS
SM
MD
LG