Uko wahagera

Abanyarwanda Baba mu Gisagara ca Washington DC, Barahimbaje Imyaka 50 Igihugu Cabo, Kimaze Cikukiye


Abanyarwanda baba mu gisagara ca Washington DC hamwe no mu micungararo yaco, baritavye ubutumire bahawe na ambassade iserukira Urwanda I Washington bwo kwigina imyaka 50 irangiye Urwanda ruronse intahe yo kwikukira hamwe n’imyaka 18 irangiye habaye ihonyabwoko. Ambassaderi James Kimonyo, yabwiye Frederic Nkundikije ko yashimishijwe n’ukuntu abanyarwanda bategera mur’iki gihe kw’igihugu c’Urwanda ar’ica bose, kandi kw’abanyarwanda bamaze kwumva ko bategerezwa gushira ku ruhande ibintu vyose vyabatandukanije muri kahise, kugira ngo bashobore kwubaka igihugu cabibarutse.

Ambassaderi James Kimonyo yaravuze kandi ku birego vyagirizwa Urwanda ko ruhungabanya umutekano mu buseruko bwa Congo. Yavuze ko hariho amashirahamwe yama ariko arambika ibara Urwanda, aragerageza kuraba ukuntu rwobonwa nabi:

Murashobora kwumvuriza.

XS
SM
MD
LG