Uko wahagera

Abanyagihugu Bo mu Bisagara vya Massissi na Gishuru, Barabandanya Guhungira mu Gihugu ca Uganda


Kuva aho habereye amatora mu gihugu ca Republika ya Congo iharanira demokrasi, abanyagihihugu bo mu bisagara vya Massisi na Gishuru, ntiborowe.

Umutekano muke uterwa n’imirwi yitwaje ibigwanisho, ibaturubika, ikongera ikageramira ubuzima bwabo, niwo utuma banyaga amagara. Inyishu y’ico kibazo isa n’iyitoroshe mu gihe mur’ivyo bisagara abanyagihugu batagira ababaserukira mu nzego z’igihugu, kandi n’abasirikare ba reta, badashoboye gukingira umutekano w’abo banyagihugu, bivuye ku mvo zitandukanye zitari nke.

Frederic Nkundikije yaraniye na Gode Haguma, yari yitoje mu matora y’abashingamateka mu gihugu ca Repbulika ya Congo irahanira Demokrasi, hamwe na Olivier Mandevu, arongoye ishirahamwe riserukira abacitse kw’icumu mu bwicanyi bwabaye mu Gatumba; bose baba muri reta zunze ubumwe za amerika, ariko bakaba baturuka mur’iyo ntara ya Kivu, araheza arababaza ukuntu umutekano wifashe mur’ivyo bisagara:

Mushobora kwumviriza.

XS
SM
MD
LG