Uko wahagera

Abanya Armeniya Baributse Imyaka n’Indwi Irangiye Habaye ivyo Bita Ihonyabwoko Ryagizwe n’Abanyaturikiya ku Ntwaro Y’Aba Ottoman


Ama Bougies y'Ukwibuka Ubwicanyi Bukabije Bwagizwe ku Banya Armeniya
Ama Bougies y'Ukwibuka Ubwicanyi Bukabije Bwagizwe ku Banya Armeniya

Prezida wa Amerika, Barack Obama yarasohoye itangazo ritera iteka abapfuye ico gihe, mu gusaba kw’ivyabaye ku vyerekeye uwbo bwicanyi vyemerwa

Abantu ibihumbi n’ibihumbi barakoraniye ku murwa mukuru w’igihugu ca Armenia, Yerevan, kugira bibuke abanya Armeniya bishwe ikivunga n’abanya Turikiya ku gihe c’intwaro y’aba Ottoman , n’ugutera akamo ama Reta yo kw’isi kugira yemere icese ko ihonyabwoko ryabaye.

Abantu isinzi bafise ama bougies n’amashurwe baragiye ku cibutso kiri musozi ejo ku musi wa kabiri kwibuka imyaka mirongo icenda n’indwi irangiye Abanya Armenia isinzi bagandaguwe mu gihe c’ingwano ya mbere y’isi yose, ubwo bwicanyi bwama bwibukwa kw’italiki 24 z’ukwezi kwa kane.

Armenia ivuga kwiyicwa ry’abantu umulioni n’ibihumbi amajana atanu hagati y’umwaka w’1915 n’umwaka w’1923 ari ihonyabwoko, icagirizo igihugu ca Trukiya ciyamiriza. Turkiya irahaka yivuye inyuma ko abanya Armenia batotejwe ikivunga, ikaba ivuga ko n’abanya Turkiya bapfuye nabo nyene mu ngwano igihe intwaro y’aba Ottomans yasenyuka.

Prezida wa Amerika, Barack Obama yarasohoye itangazo ritera iteka abapfuye ico gihe, mu gusaba kw’ivyabaye ku vyerekeye uwbo bwicanyi vyemerwa. Naho yavuze ko ubwicanyi bwagizwe ku banya Armeniya ari bumwe mu bwicanyi bukabije cane bwo mu kinjana ca mirongo ibiri na rimwe, ntiyakoresheje ijambo, ihonyabwoko.

Prezida Obama yavuzeko ubwicanyi bwagizwe ku banya Armeniya ryari ihonyabwoko igihe yiyamamariza kuba prezida yamara ntarasubira gukoresha iryo jambo kuva ashikiye amabanga ya prezida wa Amerika. Mw’itangazo yashikirije ku musi wa kabiri yavuze ko uko abona ibintu ku vyabaye bitahindutse.

XS
SM
MD
LG