Uko wahagera

Abantu bafasha abana bo mu gisagara ca misrata, igisagara co muri libya casinzikajwe n’ ingwano

  • VOA News

Abantu bafasha abana bo mu gisagara ca misrata, igisagara co muri libya casinzikajwe n’ ingwano

Abantu bafasha abana bo mu gisagara ca misrata, igisagara co muri libya casinzikajwe n’ ingwano

Mu bisagara vyose vyabayemwo ingwano mu gihugu ca Libya hagati y’ inteko za Gadhafi n’ inteko zigwanya Gadhafi, igisagara ca Misrata nico casinzikaye kurusha ibindi. Amayinga ico gisagara camaze gitegwa, ata muyagankuba n’ amazi, vyarasinzikaje cane abanyagihugu b’ I Misrata cane cane abana.

Mu gihe ingwano ikomeye yariko iba hagati y’ inteko za Gadhafi n’ inteko zamugwanya, ingwano yamaze amezi, abantu bashika ku bihumbi bibiri bo mu gisagara ca Misrata barishwe, abandi bashika ku bihumbi bitandatu barakomeretse.

Iyo ngwano yatumye abana benshi bahahamuka, bamwe muri bo batagishobora no kuvuga, abandi batagishobora gutora itiro kubera baguma bibuka Amabi babonye mur’ iyo ngwano.

XS
SM
MD
LG