Uko wahagera

Burundi: Abantu Babiri Bishwe n’Amasasu kw'i Jabe


(File Photo)
(File Photo)

Kur’uyu wa gatandatu ushira uwa mungu, harumvikanye amasasu menshi n’amagerenade mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura, ku murwa mukuru w’Uburundi.

Mur’abo bapfuye harimwo umusore w’imyaka 29 yari mu mwaka wanyuma muri kaminuza akaba yapfiriye kw’I Jabe.

Ababanyi bashitse aho uwo musore yapfiriye bihaye induru n’amaborogo aho basaba Imana ko yobagarukirako.

Bamwe mu miryango y’uwo muhisi babwiye ijwi rya Amerika ingene ibintu vyari vyifashe imbere y’ico gitero.

Batunga agatoke igipolisi ko arico kir’inyuma y’ubwo bwicanyi. Igipolisi naco ngo iyo n’ingaruka y’abantu bitwaje ibirwanisho batabifitiye uruhusha.

Mu ruhande rw’umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina Muntu, Jean Baptiste Baribonekeza, umwe mu bawugize, yabwiye ijwi rya Amerika ko batewe umutima uhagaze n’ubwicanyi bwiyongereye kuva aho Perezida Nkurunziza amenyeshereje ko azokwitoza mu matora.

Ngo igipolisi carakoreshejwe mu guharanira inyungu za bamwe bamwe, carakoreshejwe kandi kuburuzamwo imyiyerekano.

Amabarabara yarugawe, abantu ntibashoboye kuja ku mirimo yabo. Ibintu bitari bike vyaraturiwe.

Abatavugarumwe na reta bamenyesha ko batiteguye kwitaba amatora yo kur’uyu wa mbere.

XS
SM
MD
LG