Uko wahagera

Abanonotsi Batari Bake Baratanguye Gushika mu Gisagara ca Londres Ejo ku Musi wa Mbere Imbere y’Inkino Mpuzamakungu

  • VOA

Gukingira inkino mpuzamakungu z’I Londres nico gikogwa cerekeye umutekano co mu gihe c’amahoro gikomeye cane rwose ku gihugu c’Ubwongereza muri iki gihe.

Ibirori vy’ukwugurura izo nkino biracasigaje igihe kirenga indwi, yamara abanonotsi ba mbere n’abazogendera igisagara ca Londres mu kiringo c’inkino mpuzamakungu, baratanguye gushika ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’I Londres, Heathrow.

Abanonotsi bava mu bihugu mirongo itanu barashitse kuri ico kibuga c’indege ejo ku musi wa mbere.

Abakozi amajana n’amajana bari kuri ico kibuga c’indege kworohereza abantu bari bagize imirongo miremire, mu vyageramiye ikibuga c’indege ca Heathrow, mu kiringo c’amezi atari make.

Gukingira inkino mpuzamakungu z’I Londres, nico gikogwa cerekeye umutekano, co mu gihe c’amahoro, gikomeye cane rwose ku gihugu c’Ubwongereza, muri iki gihe

XS
SM
MD
LG