Uko wahagera

Abana Bagiye Hanyuma Bakagaruka Kubana n’Abavyeyi


Mu kiganiro Americana c’uyu musi, turabaganirira k’ukungene, aha muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, iyo abana bagiye gutangura Kaminuza ni nk’uko boba bagiye kuronka akaryo ko kuja kure y’imuhira, nti babe bakibana n’abavyeyi babo. Kuri bo, ni igihe bari barindiriye, kibaha akaryo ko gutangura ubuzima bushsha, bakikukira, bakamenya no kwitunganiriza ubwigenge bwabo. Muri iki kiganiro twateguriwe na Janvier Ntahomvukiye, twumve Fidele Niyongabo:

Mu mwaka uheze honyene, mw’itohoza ryagizwe, ibice 85/100 vy’abanyeshure barangije amashure kaminuza, babariye abashakashatsi ko bagiye kwisubirira imuhira kwa Mama na Papa. Bisigura bavuga ko ata kundi bogira, muri iki gihe ibibazo vy’ubutunzi vyabaye umurengera, akazi nako nti kabe kakiboneka.

Ikizwi n’uko, imiliyoni 22 z’urwaruka rwo muri reta Zunze Ubumwe za Amerika, rwavuye muhira ku mvo zinyuranye, rwahavuye rusubira gutaha. Bamwe nti bashoboye guhangana n’ingorane zo kwirihira amazu azimvye bagiye gupanga, abandi nabo nti bashoboye kwirinda ingorane z’amadeni, na za credit cards. Ariko rero hari n’abandi basubiye iwabo kwibanira n’abavyeyi mu mugambi wo kuziganya. Iyo babana n’abavyeyi, nta mahera yo gupanga babasaba, barya ivyagusa, bagakora akazi kadashemeye, nko kuvuza umuziki, canke kwiyicarira ahantu, biyumvira ico bokora mu buzima.

Kuri iyo mikangara bita “Boomerang kids” kuja kure y’abavyeyi mu gihe gito, hanyuma bagatahuka birabanezera.

Hari n’imikangara ibihumbi n’ibihumbi, baja kwa ba sekuru canke ba inakuru, aho kuja kwa Papa na Mama. Ikinyamakuru The New York Times giheruka gutangaza ko mu bisagara bitari bike vyo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, igihe iyo miyabaga ikuze ikaronka amahera yo kwimukira mu nzu yipangiye, barumuna babo baca babakurikira. Batanga uturorero ku hari bibuga vya Tennis, za pisine, canke aho y’abantu bakuze bagirira imyimenyerezo, mu bibanza vy’abantu bifise, bafashe akaruhuko ko muzabukuru, aho usanga bafise imvi bari kumwe n’imikangara igeze mu bihe ubuzima buryoha.

Ni vyiza gutahuka ugasubira kubana n’abavyeyi, ariko kubaho neza muri Condo bifise izindi ngaruka. Ni bangahe bafise ivyuma bikanyisha mu manzu, bafise imashine zo kumesa canke kwumisha. Abo ba boomerangers babariye ikinyamakuru Times ko kuronka kondo bitoroshe, kandi ko kubana n’abavyeyi canke basogokuru bishobora gutuma mutumvikan n’abo mwakundana.

XS
SM
MD
LG