Uko wahagera

Abamenyeshamakuru Barengukishijwe muri Parake mu Burundi


Mu Burundi, mu ndwi iheze har’ abashingwamanza batatu batawe mu munyororo, ibintu vyanebaguwe cane n’ abantu batari bake.

Mu Burundi, mu ndwi iheze har’ abashingwamanza batatu batawe mu munyororo, ibintu vyanebaguwe cane n’ abantu batari bake. Mur’ ico gihe nyene abamenyeshamakuru bane nabo bararonse umutahe wo kurenguka muri parake. Hakaba har’ amakenga ko nabo nyene bashobora guhereze mu munyororo wa mpimba kubera n’ abo bashingwamanza bose bagiyeyo bavuye kwitaba mur’ iyo parake nyene.

Innocent Muhozi, umukuru w’ urwego rujejwe gukurikirana ukugene abamenyeshamakuru bubahiriza akarangamutima k’ umwuga wo kumenyeshamakuru mu Burundi, mu kiganiro yahaye Ijwi rya Amerika yavuze ko irengukishwa ry’ abo bamenyeshemakuru ar’ibintu biteye agahinda mu gihugu citwa ko kirimwo amategeko ah’ umuntu wese uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro vyiwe.

Muhozi avuga ko ikintu abo bamenyeshamakuru bazira conyene ar’ ukurangura amabanga bajejwe yo gutangaza amakuru.

XS
SM
MD
LG