Uko wahagera

Abakuru b’Ibihugu vya Sudani na Sudani yo mu Bumanuko Barabonaniye I Addis Abeba ku Murwa Mukuru w’Igihugu ca Ethiopia.

  • VOA

Prezida wa Sudani yo mu Bumanuko, Salva Kiir

Prezida wa Sudani yo mu Bumanuko, Salva Kiir

Prezida wa Sudani, Omar al-Bashir na prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir barabonanye ejo ku musi wa gatandatu ku ruhande rw’inama y’ibihugu vya Afrika.

Abo bakuru b’ibihugu babiri baremeye kuganira ivyo badahuriyeko biciye mu mahoro.

Prezida wa Sudani, Omar al-Bashir na prezida wa Sudani yo mu bumanuko, Salva Kiir barabonanye ejo ku musi wa gatandatu ku ruhande rw’inama y’ibihugu vya Afrika.

Yari inama ya mbere hagati y’abo bategetsi babiri kuva ibihugu vyabo bigarukiye hafi y’ingwano mu kwezi kwa kane bipfa amafranga avuye mu bitoro, amatati ku rubibe n’ibibazo vyerekeye umutekano.

Abategetsi b’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika bamenyesheje kw’abo baprezida babiri bashikirije ijambo urwego rujejwe amahoro n’umutekano rw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika, imbere yuko bavugana, bakaba bompi bemeye kuganira ivyo badahuriyeko ah’ufata inzira y’ingwano.

XS
SM
MD
LG