Uko wahagera

Abahinga ba ONU Babujijwe Kongera Guhonyoza Ikirenge mu Burundi


Francoise Hampson na Doudou Diène bari mu batswe uburenganzira bwo guhonyoza ikirenge mu Burundi. Aha bariko bashikiriza Icegeranyo cabo
Francoise Hampson na Doudou Diène bari mu batswe uburenganzira bwo guhonyoza ikirenge mu Burundi. Aha bariko bashikiriza Icegeranyo cabo

Mu ikete umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Ezechiel Nibigira, yandikiye abahinga batatu ba ONU bajejwe gutohoza ku bwicanyi bwakozwe mu Burundi kuva mu 2015, yabamenyesheje ko ata burengenzira bafise bwo gusubira guhonyoza ikirenge ku gataka k’Uburundi.

Umushikiranganji Nibigira yasiguriye Doudou Diène, Lucy Asuagbor na Françoise Hampson begwa n’iyo ngingo ko Reta yaguye mu gahundwe kandi inegura icegeranyo baheruka gusohora ku Burundi. Ku bwa Nibigira, ico cegeranyo cuzuye ibinyoma kandi hari ivyihishije inyuma yaco.

Ikete ryarungikiwe abahawe gasopo
Ikete ryarungikiwe abahawe gasopo

Muri ico cegeranyo cashizwe ahabona ku wa gatatu w’indwi iheze imbere y'akanama ka ONU kajejwe agateka ka zina muntu i Geneve mu Busuwisi, abo bahinga ba ONU bavuze ko ivy’agateka ka zina muntu atako vyifashe mu Burundi.

Ku ncuro ya mbere bagirije umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza gukoresha amajambo acanishamwo akongera akabiba inzanko.

Ico cegeranyo kinagiriza urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, gutyoza agateka ka zina muntu babitumwe n’abategesti canke bahagarikiwe n’abajejwe intwaro. Kikimara gusohoka, umushikiranganji ajejwe ivy’agateka ka zina muntu, Martin Nivyabandi yabwiye Ijwi ry’Amerika ko ata gaciro na gato Reta igiha.

Ingingo yo kubuza abahinga batatu ba ONU bariko bakora amatohoza ku bwicanyi bwakozwe mu Burundi kuva mu 2015 isohotse inyuma y’aho kuri uno wa kabiri, umushikiranganji ajejwe ubutungane Aimée Laurentine Kanyana yabwiye abashingamateka n'abakenguzamateka ko azosaba ikiringo cabo bahinga giherana n’uku kwezi kwa cenda nticongerezwe.

​Madame Hampson ari mu babujijwe kuja mu Burundi nawe avugana n’Ijwi ry’Amerika ku wa gatatu, yavuze ko baravye uko agateka ka zina muntu mu Burundi kifashe, bagiye gusaba ahubwo ONU ikabongera uwundi mwaka wo kubandanya bakorera kuri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG