Uko wahagera

Sudani: Abagwanyi ba Riek Machar biteguye gusubira mu gihugu


Abasirikare ba Reta ya Sudani y'Ubumanuko

Abasirikare ba Reta ya Sudani y'Ubumanuko

Muri Sudani y’Ubumanuko, James Gadet Dak, umuvugizi w’umugwi w’abagwanyi bayoboka Riek Machar, yahoze ar’icegera c’Umukuru w’Igihugu, amenyesha ko abo bagwanyi, basanzwe bari k’ubutaka bwa Republika Iharanira Demokarasi ya Congo, bahawe ikaze gusubira muri Sudani y’Ubumanuko, mu turere dusanzwemwo abagwanyi b’umuhari SPLM, utavuga rumwe na Reta.

Ivyo Dak yabishikirije inyuma y’aho Reta ya Congo isavye inteko mvamakungu za MONUSCO, gukura abo bagwanyi mu karere basanzwe barimwo, bivuye ku makenga y’umutekano muke ushobora kuhaduka.

Ni mugihe Riek Machar, arongoye uwo mugwi, aheruka gutangaza ko agiye guhangana na Perezida Salva Kiir, akoresheje ibigwanisho.

XS
SM
MD
LG