Uko wahagera

Uganda: Umwami Mumbere Arahakana Ibirego vy'Igitero ku Basirikare ba Reta


Umwami Charles Wesley Mumbere wa Rwenzori, mu Buganda
Umwami Charles Wesley Mumbere wa Rwenzori, mu Buganda

Mu gihugu c’Ubuganda, intureka zadutse hagati y’abasirikare ba Reta n’umugwi w’abagwanyi ukekwa kuba ukukira umwami wo mu karere ka Rwenzori. Izo ntureka zikaba zahitanye abantu bashika kuri mirongo itanu na bane, nkuko vyatangajwe n’ubutegetsi.

Felix Kaweesi, umuvugizi w’igipolisi amenyesha ko cumi na batatu mur’abo bapfuye b’ari abapolisi, nayo mirongo ine n'umwe bakaba bar'abagwanyi. Izo ntureka zikaba zabaye kur’uyu wa gatandatu, aho abagwanyi bateye ikirindiro c’abajejwe umutekano.

Bivugwa ko ubwo bwicanyi ar’inyanduruko y’ukutumvikanba kumaze igihe kirekire hagati y’abajejwe umutekano n’abagwanyi b’umwami Charles Wesley Mumbere, umwami Bakonzo w’abaganda, asanzwe atavuga rumwe n’ubutegetsi. Umwami Bakonzo akaba ahakana ibirego vyose ku bijanye n’ico gitero.

XS
SM
MD
LG