Uko wahagera

Mali: Umugwi w'Abagwanyi Washize Hasi Ibigwanisho


Abagwanyi b'umugwi Ansar Dine, muri Mali
Abagwanyi b'umugwi Ansar Dine, muri Mali

Muri Mali, Umukuru w’Umugwi w’abagwanyi b’aba isilamu, Ansar Dine, amenyesha ko yemeye gushira hasi ibigwanisho nkuko yabisabwe na Mahmoud Dicko, arongoye Inama nkuru y’aba isilamu aho muri Mali.

Mahmoud Dicko, yabwiye Ijwi rya Amerika ko inyuma y’aho asabiye uwo mugwi gushira hasi ibigwanisho, yaronse ikete ry’uwurongoye uwo mugwi, kandi ko mur’iryo kete ataco yasaba kugira ahagarike iyo ntambara.

Mwomenya ko Ansar Dine ar’umwe mu migwi itatu y’aba isilamu isanzwe yarigaruriye akarere k’Uburaruko bwa Mali kuva mu mwaka w’2012. Iyo migwi ikaba yaragwanijwe n’igisirikare c’Ubufaransa, mu mwaka w’2013, yamara inyuma y’aho yabandanije gutera abanyagihugu, abasirikare ba Reta hamwe n’aba ONU.

Reta ya Amerika ikaba yari yarashize umugwi Ag Ghali, mu migwi y’iterabwoba kw’isi, kuva mu mwaka w’2013.

XS
SM
MD
LG