Uko wahagera

Abagize Coup d’Etat mu Gihugu ca Mali Basaba Abanyagihugu Kuguma Batekanye


Umukuru w'Abasirikare Bagize Coup d'etat muri Mali, Amadou Sanogo
Umukuru w'Abasirikare Bagize Coup d'etat muri Mali, Amadou Sanogo

Uwuyoboye abagize coup d’etat, Amadou Sanogo kwiyamiriza urukurukuru rw’uko yishwe.

Abagize coup d’etat mu gihugu ca Mali basavye banyagihugu gutekana, bakaba bariko bagerageza guhumuriza abanyagihugu bageramiwe n’ugusahura, n’ibifungurwa na essence bitera bibura.

Televiziyo ya Reta y’igihugu ca Mali ejo ku musi wa gatandatu yarashikirije itangazo ry’umukuru w’abasirikare bagize coup d’etat, Amadou Sanogo aho yiyamirije urukurukuru rw’uko yishwe.

Sanogo yongeye avuga kw’igikorwa ca mbere ciwe ari ukwubahiriza imibe z’igihugu ca Mali n’umutekano w’abanyagihugu n’ivyabo.

Amasanamu ya video yavuye ku murwa mukuru w’igihugu ca Mali yerekanye ugusahura gukomeye. Bamwe mu baba ku murwa mukuru batangaje ko bafise ubwoba bw’ukuja hanze, mu kwagiriza abasirikare ko batwara ivyo bashaka vyose bafatiye inkoho ku banyagihugu.

Harabaye kandi imirongo miremire ku ma stations ya essence, hakaba hari ubwoba butera bwiyongera kw’ibifungurwa na essence biriko birahera.

.

XS
SM
MD
LG