Uko wahagera

Abafise Ubumenyi Boba Ari Intambamyi kw’Iterambere mu Burundi?


Bamwe bavuga kw’abafise ubumenyi bafise uruhara mu gutuma igihugu kidatera imbere mu gihe abandi bavuga kw’uruhara runini ruhagaze ku batwara

Abarundi batari bake bamaze imisi bashikiriza ivyiyumviro vyabo ku kibanza ca internet, “Facebook” mu nyuma yahoo vyasohotse ku kibanza ca internet, “Iwacu-Abarundi.Org” ku kibazo c’uko nimba abafise ubumenyi mu Burundi ari intambamyi ku vyerekeye iterambere ry’igihugu.

Bamwe bavuga kw’abafise ubumenyi bafise uruhara mu gutuma igihugu kidatera imbere kubera badafata iya mbere mu gushira mu ngiro ubumenyi bwabo mu gihe abandi bavuga kw’uruhara runini ruhagaze ku batwara badashiraho uburyo butuma abafise ubwo bumenyi babushira mu bikorwa.

Ijwi rya Amerikaryarabajije Abarundi babiri bari mu bagizez uruhara mu gushikiriza ivyiyumviro vyabo ku kibanza ca internet ca, “Facebook”, Thierry Uwamahoro wo muri Sosiyete, ABT Associates ngaha I Washington DC na Daly Ngarambe, umuhinga mu vya “informatique” akora mw’ishirahamwe, “Tempo Africell” mu Burundi. Tubatege amatwi:

XS
SM
MD
LG