Uko wahagera

Abadagi Bariyamiriza Imishikirano y'Urudandazwa n'Amerika na Canada


Abanyagihugu bo mu Budagi mu myiyamamazo

Abanyagihugu bo mu Budagi mu myiyamamazo

Mu gihugu c’Ubudagi abantu bashika ku 320.000, baturuka mu bisagaraga binini binini bakoze imyiyerekano mu mabarabara, kur’uyu wa gatandatu. Bariko bariyamiriza imishikirano yo kwugurura urudandazwa hagati y’Ubudagi, Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Canada.

Abiyamiriza iyo mishikirano bamenyesha ko ar’iyije gusubiza inyuma demokarasi, gusubiza inyuma ibijanye n’imfungugwa, hamwe n’amategeko ajanye n’ibidukikije hamwe n’akazi.

Imyiyerekano mitomito yabaye kandi mu bisagara bitandukanye vya Buraya, mu bihugu vy’Ubufaransa, Autriche hamwe na Suede. Igipolisi kimenyesha ko iyo myiyerekano yabaye mu mutekano.

Imishikirano irindiriye kwemezwa n’abanywanyi b’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya. Mu gihe ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bimenyesha ko birindiriye guheraheza iyo mishikirano imbere yuko Perezida Obama arangiza ikiringo ciwe, abashikiranganji bajejwe ikigega mu bihugu vy’Ubufaransa n’Ubudagi bobo bavuga ko batayizeye cane.

XS
SM
MD
LG