Uko wahagera

Igisirikare ca Nijeriya Cagirizwa Ubwicanyi


Umugwi ujejwe agateka ka zina muntu mu gihugu ca Nijeriya wagiriza igisirikare ca Nijeriya ko carenze amategeko akigenga mu gisagara ca Zaria, kiri mu buraruko bwa Nijeriya, aho cishe aba shiite bashika ku 380, mu mwaka uheze w’2015.

Mu cegeranyo casohowe n’uwo mugwi, abo bishwe bari bagizwe n’abanywanyi b’umuhari w’aba isilamu bo muri Nijeriya, urongowe na Cheikh Ibrahim El-Zakzaky, asanzwe ari mw’ibohero.

Uwujejwe kumenyesha amakuru mu gisirikare ca Nijeriya, Jeneral de Brigade Rabe Abubakar, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ivyagirizo biri mur’ico cegeranyo atari vyo. Abubakar amenyesha ko igisirikare gifise igikorwa co gucungera umutekano, cisunze ibwirizwa shingiro.

Umugwi ujejwe ubutungane wari washizweho na Reta ya Kaduna, isanzwe iri mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya, niwo wari wasohoye urutonde rw’abantu bishwe mu kwezi kwa 12, mu mwaka uheze. Ivyo vyatumye imigwi idaharanira ivyicaro vya politike isaba ko haba amatohoza ku bijanye n’ubwo bwicanyi.

XS
SM
MD
LG