Uko wahagera

Inama ku Mutekano n’Amahoro Muri Somalia


Inama ku vyerekeye kugarukana amahoro muri Somalia, yarangiye isaba amakungu kwongereza abasirikare n'ibikoresho vya gisirikare, kubaha agashahara gakwiye, n’uburenganzira bwo gutera no gukurikirana abo bahanganye.

Inama ku vyerekeye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somalia yamaze imisi ine i Bujumbura, yarangi isaba amakungu kwongereza igitigiri c'abasirikare bo guhagararira amahoro mur'ico gihugu, n'ibikoresho vya gisirikare.

Urwandiko rusozera iyo nama rwateye akamo amakungu, rusaba cane cane ishirahamwe mpuzamakungu ONU, gutanga uburyo bujanye n'amafara hamwe n'ibikoresho bikenewe mu gikorwa co guhagararira amahoro muri Somalia. Urwo rwandiko nti rutomora neza amategeko, ariko ikizwi n'uko abahinga mu vyagisirikare bavuga ko igitigiri c'abasirikare bakenewe gishika ku bihumbi mirongo ibiri, mu gihe abasirikare b'Abaganda n'abarundi bahagarariye amahoro muri Somalia bashika ibihumbi ndwi n'amajana abiri gusa. Jenerari majoro Cyprien Hakiza, icegera c'umukuru w'inteko AMISSOM yari mu bitavye inama yaragize ico abivugako.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n'amakungu, Ambasaderi Augustin Nsanze, yasozereye inama avuga ko iruhande y'ibitigiri vy’abasirikare n'ibikoresho, agashahara gahabwa abasirikare gategerezwa kuduzwa, kakava ku madorari amaja indwi na mirongo itanu, kakaja ku gihumbi na mirongo ibiri n'umunani. Aha akamo gatewe cane cane umunyamabanga mukuru wa ONU, Ban Ki Moon, ngo yavyiyemereye aho yagendera Uburundi mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka.

Uretse amafaranga n'ibikoresho, Ambasaderi Augustin Nsanze avuga ko bakwiye kuronswa uburenganzira bwo gutera no gukurikirana abo biketse bose n’aho bari hose. Amategeko abagenga muri kino gihe abaha uburenganzira bwo kwivuna gusa.

Urwandiko rwasozera inama rutegeka reta y'imfatakibanza ya Somalia, yari yaserukiwe n'icegera c'umushikiranganji wa mbere, kuba yarangije ibiganiro n'abo bose bafise ico basaba, no gutunganya ibwirizwa nshingiro, imbere y'igenekerezo rya mirongo ibiri, ukwezi kw’umunani, umwaka w'i 2011. Kur'iryo sango, niho ikiringo ca reta mfatakibanza kizoba kirangiye. Icipfuzo c'abitavye iyo nama, ngo n'uko n'amahoro yoba yamaze kugaruka muri Somalia. Jenerari majoro Cyprien Hakiza icegera c'umukuru wa AMISSOM avuga ko kugarukana amahoro muri Somalia, bishobora kumara imyaka irenga itanu.

Inteko z'Abarundi n'Abaganda zimaze imyaka irenga itatu zitanguye gufasha reta ya Somalia. Abasirikare bakorera muri ico gihugu twaganiriye batubwiye ko iyo reta itwara ibice mirongo ibiri gusa kw'ijana vy'igihugu cose. Umugwi w'intagondwa Al Shabaab ugwanya reta ya Somalia Ubandanya utangaza ko uzogira ibitero mu bihugu y'Uburundi na Ouganda, kubera ko vyarungitse abasirikare muri Somalia.

XS
SM
MD
LG