Uko wahagera

Umutekano Nturagaruka muri Bujumbura Rural


Jacqueline Segahungu

Ishirahamwe ONU ryaramenyesheje icese y’uko ritewe umutima uhagaze
n’uko ata mutekano uragaruka muri Bujumbura rural.

Mu gihe uwuriserukira mu Burundi Carolyn Mac Askie
yagendera iyo ntara ku musi wa kabiri, yamenyesheje
abaserukira abanyagihugu y’uko ishirahamwe ONU rifise
ku mutima ukubafasha, no kugondoza umurwi uirwana wa
FNL Palipehutu ko wokwemera kuganira na reta. Carolyn
Mac Askie arerekana impungenge afise y’uko Uburundi
bwogira ingorane zijanye n’imfashanyo mu vy’iterambere
mu gihe ingwano yoshishikara mu ntara ya
Bujumbura-rural :


« N’aho twovuga ko mwashoboye muri iyi myaka iheze
kuronka amahoro n’umutekano ku bice 90 % vy’igihugu,
amakungu aguma afata y’uko Uburundi bukiri mu ngwano
mu gihe intambara ikibandanya mu ntara ya Bujumbura
rural. »ashishikara avuga ati « Ivyo bibatera ingorane
ihambaye mu bijanye na kazoza, ukugwiza itunga ,
iterambere hamwe n’ugufashanya […] ivyo mukeneye vyose
kugirango igihugu kije mu nzira ya kazoza. »

Urwo rwari rubaye urugendo rwa mbere uwuserukira
umunyamabanga mukuru wa ONU yari agize mu bice bimwe
bimwe vya Bujummbura rural, rukaba rwamushikanye mu
makomine ya Kabezi, Mutambu na Mukike.

Tumenyeshe y’uko muri kino gihe iyo ntara ikeneye
imfashanyo yihutirwa mu bijanye no gusanura amashure
yasambutse hamwe n’uburaro, imbuto zo guteragira
kugira ngo ubuzima bushobore kubandanya, cane cane ku
bari barahunze bakaba baheruka gusubizwa mu zabo mu
mpera z’ukwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze.

Abanyagihugu, bari kumwe na Bulamatari w’iyo ntara
Ignace Ntawembarira baramenyesheje mu bijanye
n’umutekeno ko muri kino gihe hagwiriye ubwicanyi
bwerekeza ku bantu bamwe bamwe. Ukwo ibintu bimeze mu
ntara ya Bujumbura-rural bigatuma abanyagihugu harimwo
n’abatware bo hasi bumva ko umutekano wabo udakingiwe
bikwiye .

XS
SM
MD
LG