Uko wahagera

Burundi: Kamarampaka y'Itegeko-Nshinga Yimuriwe mu Mpera z'Ukwa Kabiri


Igenekerezo ntabanduka ry’aho amatora y’ibwirizwa shingiro azobera ryashinzwe ku wa 28 mu kwezi kuza. Iyo nkuru yatanzwe n’umukuru ajejwe CENI, urwego rwigenga rujejwe ugukurikirana amatora, Paul Ngarambe.

Twibutse y’uko iyigizwa inyuma ry’isango ryari rimaze kuba agashika gatatu. Mu nama yariko aragirisha abakuru b’imigambwe hamwe n’abayiserukira imbere y’amategeko, umukuru wa CENI amenyesha y’uko ingorane z’uburyo hamwe n’ibindi bikoresho vya nkenerwa vyategerezwa kuva hanze ari vyo vyatumye isango ryo kuva muri gitugutu mu 2004 riguma ryigizwa inyuma.

Paul Ngarambe aremeza y’uko adakorera mu kwaha kw’umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye, akanamenyesha icese y’uko iryo sango rishasha yarimubwiye isaha imwe imbere y‘uko abonana n’abatwara imigambwe. Muri kino gihe Umurwi wa CENI wibanda ukuringaniza amahinyu yaboneste mu bijanye n’ukwandika urutonde rw’abari biyandikishije ngo bazokwitabe amatora.

Umukuru wa CENI ariko ntiyashoboye kumenyesha amasango y’ayandi matora ari imbere. Imvo, n’uburyo hamwe n’iyemezwa ry’itegeko rigenga amakonines, hamwe n’amategeko agenga amatora bitaraba. Ku mahera angana imiriyoni 20 z’amadollars zitegekanijwe kugira ngo amatora yose abe mu Burundi, uyo murwi uracabuzemwo ayagera ku miriyoni 10 z’amadollars.

Uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi Carolyn Mac Askie yamenyesheje icese y’uko ashimishwa n’intambwe iriko iragerwako mu bijanye n’ukugene umugambi w’amahoro uriko uragenda muri kino gihe. Mu nama igira iya 25 y’umurwi ujejwe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro yatanguye kuva kuri uyu wa mbere, Carolyn Mac askie yavuze y’uko anezerejwe n ‘uko imirwi yahora irwana yemerewe n’amategeko ngo ibe imigambwe iharanira politique , hamwe ishingwa ry’itegeko rigenga igisirikare gishasha c’Uburundi FDN, n’igipolisi c’igihugu kijejwe umutekano.

Ariko urwo rwego rujejwe ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro ruratewe umutima uhagaze n’impari zihitiye zijanye n’ihindurwa ry’integuro y’ibwirizwa shingiro imbere y’uko abanyagihugu bagira ico barivuzeko.Carolyn Mac askie asaba y’uko ihindurwa iry’ari ryo ryose ryokwisunga amasezerano y’amahoro yabereye i Arusha.



Shakira andi makuru yo mu karere

XS
SM
MD
LG