Uko wahagera

Ikiganiro cy'Urubyiruko cyo ku Itariki 20 Ugushyingo 2004


Mu Burundi, dukurikije inkuru zivugako hari abajejwe gucungera umutekano muri Africa ba koresha inyifato yubushurashuzi mumabanga bajejwe. Urwego rwishirahamwe mpuzamakungu rijejewe kugarura umutekano mu Burundi ariryo ritwa ONUB, rwashinze amategeko agenga inyifato y’abo bajejwe gucungera umutekano kugirango izo ngorane ntizizobe mu Burundi.

Bivugwa ko hari abagore ndetse n’abana bafatwaga ku ngufu nabo bantu bashinzwe umutekano, abo basirikare n’abasivire. Umuyobozi w’iyo projet, ariwe witwa Roxane Carillo, avuga ko amategeko ndanga muco n’inteko ishinze kugira inama ibitsina byombi agomba gufasha no guhugura abo bakozi bashinzwe gukomeza uwo mutekano kurayo mategeko ndanga muco mu Burundi.

Mu makuru makuru yerekeye urwaruka, uyu musi mugenzi wacu Adolphe Itangishaka ari mw’ ikambi ya Lukole yadutey’ akamo atubwira ko imvura nyinshi imaze imisi igwa mu karere k’ amakambi y’ impunzi ya Tanzaniya, ibangamiye ubuzima bw’ abana harimwo no kutiga neza.

Ahandi ho, kuronka udukingirizo, inyigisho hamwe n’ ibibanza vyo kwipimishirizamwo umugera wa Sida bibegereye vyotuma iyo ngwara ya Sida igabanuka mu rwaruka rwo muri zone Buterere.

Mu Rwanda ho, Yvette Umugwaneza we atubwira ko abana bo mu nkambi z’Abarundi ku Gikongoro badapfusha ubusa igihe cyabo cy’uburuhuko. Abo bana banonosora amasomo bagafasha n’ababyeyi babo.

Ahandi ho, urubyiruko rw’ Abaisilamu mu mujyi wa Kigali rwishimiye kurangiza igifungo cyabo bizihiza umusi mukuru wa Idiri Fitiri.

XS
SM
MD
LG