Uko wahagera

Burundi: ONUB Irimo Gufungura Ibiro mu Ntara - 2004-11-04


Ishirahamwe ONU, igisata caryo gikorera mu Burundi ONUB, ryaruguruye mu ntango z'iyi ndwi ibiro vyaryo vyo mu ntara za Makamba na Muyinga. Ivyo biro bishasha bije vyiyongera ku bindi vyuguruwe mu ntara ya Gitega (hagati mu gihugu) mu kwezi kwa gatandatu muri uno mwaka.

Ishirahamwe ONU rimenyesha ko ibindi biro bizokwugururwa mu ntara ya Bujumbura-rural na Ngozi mu mpera za kuno kwezi

Muri ivyo biro bitanu vyonyene, ishirahamwe ONU mu Burundi rizokoresha igice c'abakozi b'abacivil ritegekanya gukoresha mu gihugu cose.

Abakozi bazokorera mu gihugu cose bazoba barimwo abarangura ubuzi bunyuranye.

Abakozi b'abacivils bazoba bajejwe ukugiriranira imigenderanire n'abategetsi bo muri reta y'Uburundi n'amashirahamwe yigenga, ugufata mu mugongo utwigoro twa reta mu bijanye no kunagura inzego za reta, nk'urujanye n'urwego rw'ubutungane.

Abahinga mu bijanye no gutegekanya amatora bazofasha mu gutegura ay'ibwirizwa shingiro n'ayandi matora azokurikira. Abandi bazoba bajejwe gukurikirana ibibazo bijanye n'agateka ka zina muntu, no gutohoza ibibi bijanye no kutakubahiriza.

Abapolisi b'iryo shirahamwe rya ONU bazoba bajejwe ugufasha no gukarihiriza ubwenge igipolisi gishasha c'igihugu.

Abo bakozi b'aba civils baje biyongera ku basirikare harimwo n'abarorerezi ba ONUB. Abo nabo bakaba bazocungera ukwo umutekano wifashe mu gikorwa cabo co gusubiza mu buzima busanzwe abahoze ari abarwanyi, ugutegekanya igisirikare gishasha c'igihugu, hamwe n'amatora.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG