Uko wahagera

Burundi: Leta Irasaba Abeherutse Guhungira mu Rwanda Gutahuka - 2004-10-25


Umushikiranganji ajejwe gutahukana impunzi no gusubiza mu zabo abaziteshejwe yarateye akamo ku musi wa gatanu Abarundi baheruka guhungira mu bumanuko bw'igihugu c'Urwanda y'uko botahuka mu gihugu.

Ako kamo katewe n'umushikiranganji Francoise Ngendahayo mu nyuma y'aho kuva mu ntango z'ukwezi kw'icumi muri uno mwaka, Abarundi barenga ibihumbi bibiri bava mu makomine ya Bugabira, Busoni Ntega, Bwamabarangwe na Gitobe muri province ya Kirundo batanguye guhungira mu ntara zo mu Rwanda zegereye urubibe rw'Uburundi. Abo Barundi bagwiriyemwo cane cane abo mu bwoko bw'Abatutsi.

Ishirahamwe LDGL riharanira agateka ka zina muntu mu karere k'ibiyaga binini ryamenyesheje mu mpera z'indwi iheze y'uko ukwo guhunga kukibandanya. Itohozwa riheruka kugirwa n'iryo shirahamwe rimenyesha y'uko kwatandukiriye no mu bandi Barundi bava mu ntara za Muyinga na Karusi. Iryo shirahamwe ritanga ibiharuro vy'abagera ku 2719 vy'abamaze guhungira mu gihugu c'Urwanda.

Umushikiranganji ajejwe ugutahukana impunzi no gusubiza mu zabo abaziteshejwe Francoise Ngendahayo yarashoboye guhura ku musi wa gatanu n'abaserukira izo mpunzi i Butare mu gihugu c'Urwanda, baravugana ibijanye n'ukugene umutekano wifashe mu Burundi.

Ibituma abo bahunga ni ubwoba bufatiye ku makenga y'uko ubwicanyi bushobora kwaduka muri bino bihe vyegereje amatora. Umukuru aserukira ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu karere k'ibiyaga binini, Christophe Sebudandi, yemeza ko umutekano muke utewe no kudahana ubugizi bwa nabi, ukudebukirwa kw'abategetsi bo hasi, imyimenyerezo ya gisirikare hamwe n'amanama aba mw'ijoro vy'umuhari wahora urwana wa CNDD-FDD, hamwe n'ibihuha biteye ubwoba bijanye n'ubwicanyi bwabereye mu makomine ya Ntega na Marangaramu 1988, n'ubwabaye mu gihugu cose mu 1993 ari vyo bituma uno musi bata izabo.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG