Uko wahagera

EJO BITE 10 16 2004 - 2004-10-16


Mu Burundi, impunzi z’ abanyekongo zo mu bwoko bw’ abatutsi zari zimaze imisi ku rubibe rw’ Uburundi na republika iharanira demokrasi ya Congo, zirindiriye kurekurigwa guhatahuka mu gihugu cazo Congo, zarashoboye kujabuka urubibe zinjira muri Congo aho abategetsi b’ igisagara ca Uvira baciye bazijana mu kibanza kiri hagati mu gisagara, ibyo byatangajwe na Didas Kaningingi, depite wa prefet w’ intara ya Kivu y’ amajy’ epfo, yavuze ko hari abantu benshi batashakaga ko izo mpunzi zitahuka.

Ifatwa ku nguvu ry’ urwaruka rigigwa n’ abasivire, ritera ryiyongera mu ntara ya Makamba bivuye ku kudahana ivyaha n’ ingaruka mbi z’ ingwano. Ahandi ho, Igikogwa co gusubiza mu miryango abana barerewe mu bigo, bisaba uburyo n’ umwete mwinshi.

Mu Rwanda ho, nyuma y’ ama liste ministeri y’ uburezi, ubumenyi, ikoranabuhanga n’ ubushakashatsi, yasohoye ku macakubiri yaramaze imisi avugwa mu mashuri, ministre w’ uburezi Professeur Romain Murenzi yasobanuriye abanyamakuru ibijyanye n’ ayo ma liste y’ abashinjwa.

Buri mwaka, iyo umwaka w’amashuri urangiye, amashuri abanza n’ ayincuke ategura umusi mukuru w’ ababyeyi nkuko biteganwa na ministeri y’ uburezi.


Abategura Ejo Bite



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG