Uko wahagera

Burundi: Impunzi z'Abanyamulenge Zimuriwe i Gihinga - 2004-09-28


Impunzi z'Abanyamulenge zigera ku 322 zahora muri site yazakiriye y'i Karurama muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke, mu buraruko bushira uburengero, zarungururijwe mu kibanza gishasha kiri i Gihinga muri komine Kayokwe mu ntara ya Mwaro, hagati mu gihugu. Abo Banyamulenge bahambije abandi bari bashitseyo mu ndwi irangiye bagera kw'103.

Imiduga ya Camion y'ishirahamwe ryitaho impunzi kw'isi, HCR, niyo yabunguruje muri urwo rugendo.

Ijanwa ry'izo mpunzi rishitse mu gihe reta y'Uburundi hamwe n'ishirahamwe HCR vyaheruka gufata ingingo yo kwugara ikambi y'i Karurama. Impunzi zemeye gufata iyo nzira igana hagati mu gihugu c'Uburundi kubera y'uko zibona ko umutekano utaragaruka mu ntara zavamwo muri Republika Democratique ya Congo.

Twibutse y'uko iyo site y'i Karurama yari yakiriye impunzi z'abanyamulenge zishika ku 8.000, mu ntango z'ukwezi kwa gatanu muri uno mwaka.

Iryo janwa ry'impunzi z'Abanyamulenge mu ntara ya Mwaro rishitse mu gihe ku musi w'Imana Abanyamulenge bashika ku 356 batahuka i Uvira mu bumanuko bw'intaraya Kivu bava mu Burundi. Abantu batandatu nibo bakomeretse mu nyuma y'aho abo bahunguka bakiranywe amabuye batewe n'aba nyagihugu baho.

Abahakomerekeye ukwo ari batandatu, barimwo abana bane, bose bari mu bacitse kw'icumu mu bwicanyi bwagizwe n'abantu bitwaje ibirwanisho ku wa 13 Myandagaro muri uno mwaka mw'ikambi yo mu Gatumba hafi y'i Bujumbura.

Inkuru ziva mu gihugu ca Congo zimenyesha ko abo bantu bari bacungerewe umutekano n'abajejwe umutekano b'Abanyekongo. Umukuru atwara intara yo mubumanuko bwa Kivu, Augustin Bulaimu, yarateye akamo k'uko abantu botekana yongera yemera ko hariko ibikenewe vyose biriko birakorwa kugira ngo ibintu bisubire mu buryo.

Izindi mpunzi zishika ku bihumbi bitatu ziri mw'ikambi yo mu Gatumba zibwirizwa kuzotahukanwa mu nyuma y'aho reta n'ishirahamwe HCR bifatiye ingingo mu mpera z'indwi iheze ko iyo kambi igiye kwugarwa.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG