Uko wahagera

Burundi: Inama Itegura Iyemezwa ry'Itegeko-Nshinga Rishya Yarabaye - 2004-09-20


Bujumbura, ku wa 16 Nyakanga

Umukuru w'inama nshingamateka Dr. Jean Minani yaruguruye icese ku musi wa gatatu i Bujumbura, inama idasanzwe ihuza abagize inama nshingamateka na nkenguzamateka. Iyo nama yari yatumweko n'umukuru w'igihugu c'Uburundi Domicien Ndayizeye, ikaba igamije ukwemeza ibiri mu nteguro y'ibwirizwa shingiro rizogenga Uburundi mu kiringo c'inyuma y'intwao mfatakibanza.

Iyo nteguro y'ibwirizwa shingiro yaheruka kwigwa mu nama nshikiranganji, ariko rero abaserukira muri reta imigambwe itashisze ibikumu ku masezerano y'amahoro siho bari. Umukuru w'inama nkenguzamateka Libere Bararunyeretse yari yamenyesheje y'uko ateye kubiri n'uburyo iyo nama yatumweko n'umukuru w'igihugu, akemeza ko atigeze akurikiza amategeko. Yari yanabujije abagize inama nkenguzamateka y'uko batoyitaba, abasaba ko boguma ku mirimo yabo.

Iyo nama ishitse mu gihe abanyepolitique bari mu mwumvikano muke mu bijanye n'igabanganwa ry'ubutegetsi mu kiringo kizokurikira amatora.

Tumenyeshe y'uko mu birori vy'iyugururwa ry'ibikorwa vy'inamanshingamateka idasanwe ari ho umurwi w'igihugu wigenga watowe ngo ucungere amatora yimirije warahira icese y'uko ugiye kurana ubwira n'ubwitonzi ico gikorwa.

Iyindi nama idasanzwe irategekanijwe kuva kw'igenekerezo rya 21 gushika ku rya 25 Nyakanga, ikazoba ari iyo kwihweza no kwemeza integuro y'itegeko rigenga ishingwa ry'amahera akoreshwa na reta.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG