Uko wahagera

Burundi: Abasoda 2 Barahitanywe n'Umutego i Mabayi - 2004-09-20


Bujumbura, ku wa 17 Nyakanga

Abasirikare ba reta babiri basanzwe bakorera mw'i kambi ya Kayanza barasize ubuzima mu mutego wabereye i Mabayi mu ntara ya Cibitoke, mu buraruko. Ubwo bwicanyi bwashitse mw'ijoro ryo kuwa kabiri rishira uwa gatatu.

Abajejwe intwaro bemeza y'uko uwo mutego wagizwe n'interahamwe zisanzwe zigira uruja n'uruza muri ako karere.

Inkuru ziva mu bajejwe intwaro zirongera zikamenyesha y'uko muri iryo joro nyen abo banyarwanda basahuye mu ngo zishika 12, bongera bagira imbohe abantu b'abagabo bashika ku munani, bariko baracukura inzahabu mu Kibira ku ruhande rwa secteur Nderama, mu ntara ya Cibitoke.

Inkuru zinyuranye zemeza y'uko uyo mutego wari ugamije uguhora interahamwe 8 ziherutse gufatirwa ku musi wa gatandatu w'indwi iheze muri komine Rugombo (muri Cibitoke) n'abahora ari abarwanyi ba CNDD-FDD ishami rya Pierre Nkurunziza. Ico gihe ngo zariko ziragerageza kujabuka muri Republika Iharanira Democrasi ya Congo, ziva mu Kibira.

Izo nterahamwe umunani gushika kuri uyu wa kane zari zifungiwe muri Brigade ya Mabayi mu kurindira ko zishikirizwa abategetsi b'igihugu c'Urwanda.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG