Uko wahagera

Burundi: Umuntu 1 Yaragandaguwe muri Zone Nyakabiga - 2004-09-20


Bujumbura, ku wa 17 Nyakanga

Umuntu umwe yaragandaguwe muri zone Nyakabiga hagati mu gisagara ca Bujumbura. Ubwo bwicanyi bwabaye mw'ijoro ryo kuwa kane rishira uwa gatanu.

Nk'uko ababanyi babimenyesha, abantu babiri batashoboye kumenyekana kuko bari biyambitse inkofero hamwe n'amakoti akingira imvura, barinjiye giturumbuka mu nzu ya Willy Nibigira, imbere y'uko batangura kumukubita, bongera bamutera hanze, ari naho baciye bamwicisha inkoho.

Ababanyi bari batekewe n'ubwoba kubera amasasu y'inkoho ntibatabaye, mu gihe umukenyezi wiwe yariko aratabaza.

Uyo muntu yaraye agandaguwe yari umukozi wa Mairie ya Bujumbura.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.

XS
SM
MD
LG